No video

MUKAMA NI WEWE TUNINAHAZA! (TE DEUM LAUDAMUS!)

  Рет қаралды 5,368

PRAISE THE LORD JESUS CHRIST

PRAISE THE LORD JESUS CHRIST

Күн бұрын

AMAJAMBO
MUKAMA NI WEWE TUNINAHAZA (TE DEUM LAUDAMUS)!
Ni wewe Uri Imana nzima.
2. Isi yose irakwubaha, wewe Mana Data wamyeho.
3. Abamalayika bose, ivyaremwe vyose, ububasha bwose vyegukiye Wewe.
4. Abakerubini, abaserafini; ntibahengeshanya kugutera impundu.
5. Bavuga bati: uri Mutagatifu, Mutagatifu, Mutagatifu; Wewe Mukama Mana rutaganzwa.
6. Ijuru n’isi vyuzuye ubuninahazwa bwawe.
7. (Abatumwa) Abatumwa bahurikira hamwe, bakuvugiriza impundu,
8. Ikirwi c’abahanuzi naco kikayakira.
9. Umwerasi w’ishengero ry’abagupfiriye, bagukeza urudahengeshanya.
10. Isi yose, Ekleziya ntagatifu, irazi ko uri Imana nzima.
11. Wewe Mana Data nyen’inganji ntangere.
12. Mwe n’Umwana wawe, w’ikinege Nyagusengwa.
13. Hamwe na Mutima, We Mushingangingo abushitse.
14. Ewe Yezu Kristu, uri Umwami w’ubuninahazwa.
15. (Naninahazwe) Ni wewe Mwana utigeze utangura wa Mana Data.
16. (Naninahazwe) Ni wewe nyen’igihe wagira ngo wigire Incungu y’abantu (Naninahazwe) Utatinye kwibera mu mbanyi y’Umubikira atagira inenge.
17. (Naninahazwe) Ni wewe wacagaguye ingoyi z’urupfu, ukatwugururira amarembo y’ubwami bw’ijuru.
18. (Naninahazwe) Ni wewe uvyagiye I buryo bw’Umukama m'ubuninahazwa bwa Mana Data
19. (Naninahazwe) Ni wewe twemera kuzohindukira uri umucamanza w’Ingingo
20. Niho tukuzamvye Mukama, ngo ugarukire abasuku bawe, wacunguje amaraso yawe y’igiciro ntangere.
21. Tabaranya ubatere iteka ry’ukuzoharurwa m' umurwi w’aberanda bawe mu buhirwe budashira.
22. Rokora ishengero ryawe, Mukama, ugireko uhezagire abo bose wagize icibare cawe.
23. Nubabere Indongozi, maze ubashikire Wewe Mushobora vyose, gushika ubashikirize ubuzima budahera.
24. Turagushimagiza tudahengeshanya
25. (Tuzokwama) Tuzokwama (dutazira) dutazira izina ryawe ritagatifu.
26. Turagusavye Mukama, dukingire uyu musi igicumuro cose,
27. (Naninahazwe…) Tugirire ikigongwe Mukama, tugirire ikigongwe.
28. Ese ikigongwe cawe Mukama codusagira nkuk'umwizero tugufiseko utagira inenge
29. Ni Wewe nizigiye, ni Wewe kandi sinzokwigera nizeruka. AMEN

Пікірлер: 10
@sebastiensindayigaya6223
@sebastiensindayigaya6223 2 жыл бұрын
Indirimbo y'agakura nkunda caane.
@niyonkurufelix9059
@niyonkurufelix9059 6 ай бұрын
Très bonne chanson!
@nyandwisylvane4052
@nyandwisylvane4052 2 жыл бұрын
Indirimbo nziza cane muyitwandikire
@kristuaninahazwe4549
@kristuaninahazwe4549 2 жыл бұрын
Murakoze caane. Ni ukuri nitwaronka akanya tuzobashikira kw'izima! Mubandanye muhezagirwa.
@raissaakimana-sj5mm
@raissaakimana-sj5mm 7 ай бұрын
❤❤
@nsavyimanaemmanuelique5873
@nsavyimanaemmanuelique5873 Жыл бұрын
Naninahazwe
@user-zu8fn7dg9f
@user-zu8fn7dg9f 6 ай бұрын
Ameeen
@ancilleniyonizeye9319
@ancilleniyonizeye9319 Жыл бұрын
Gusa vyoba vyiza mugize numwete wokwandika Ayo majambo munsi tukaza tuyasoma
@kristuaninahazwe4549
@kristuaninahazwe4549 Жыл бұрын
Mwarakoze caane, igisabo canyu twaracumvise kandi twaragishize mu ngiro. Murabe hejuru ahanditse "AMAJAMBO"😇
@ancilleniyonizeye9319
@ancilleniyonizeye9319 Жыл бұрын
@@kristuaninahazwe4549 murakoze cane
TEDEUM LAUDAMUS IN KIRUNDI
8:10
Niziyves
Рет қаралды 2 М.
MWARAMUTSE WE NDUHURO. (AVE SANCTI VIATICUM)
5:41
KRISTU ANINAHAZWE
Рет қаралды 142 М.
managed to catch #tiktok
00:16
Анастасия Тарасова
Рет қаралды 46 МЛН
OMG what happened??😳 filaretiki family✨ #social
01:00
Filaretiki
Рет қаралды 13 МЛН
SPONGEBOB POWER-UPS IN BRAWL STARS!!!
08:35
Brawl Stars
Рет қаралды 18 МЛН
Mukama Ni Wewe Tuninahaza(Te Deum Adoremus)
8:07
AMANI Angels
Рет қаралды 7 М.
Gregorian chant - Te Deum
12:41
Sacra Musica
Рет қаралды 2,8 МЛН
Te deum | Chorale de Kigali | Concert 2021
10:32
CHORALE DE KIGALI
Рет қаралды 101 М.
Mwami w'Ibihugu Vyoose!!!
6:05
KRISTU ANINAHAZWE
Рет қаралды 7 М.
Gregorian Chants For The Mother Of Jesus | Sacred Choir In Honor Of Mary
27:12
Catholic Chants TV
Рет қаралды 2 МЛН
Ingo, Ingo Mutima Mweranda turagukumbuye!
5:58
KRISTU ANINAHAZWE
Рет қаралды 6 М.
Charpentier - Te Deum - HD
8:29
Frys Lan
Рет қаралды 2,2 МЛН
YOHO,YOHO, YOOHO, BAMA BAKUVUGA!
5:41
KRISTU ANINAHAZWE
Рет қаралды 60 М.