No video

Kirindo Uwuzofatanwa inzoga

  Рет қаралды 2,087

URUGENDO NEWS

URUGENDO NEWS

Күн бұрын

Ya nzoga SAPOR yoba igiye guhagarikwa mu Burundi ?
Mu mpera y'indwi iheze, iyo yari mu Kayanza, Prezida Ndayishimiye yagize ati :
‘’Erega burya ni uburozi (SAPOR) kugira ntidushikire hahandi, muri 2040. None nitwaba twapfuye tuzohashika gute ? Turiko turiyahura. Harya urya muntu yazanye birya ashobora kuba afise umugambi wo kuturoga kugira abagabo bose bahone muri iki gihugu. None tuzokora gute turi ba magonyagi, tutagira inguvu?’’
Prezida Ndayishimiye yagiriyeko asaba umuburamatari yiyemera ko yofata ingingo yo guhagarika Sapor mu ntara yiwe ngo bazoce baraba inkurikizi. Evariste Ndayishimiye yavuze ko na Leta iriko iriga ingingo izofata. Ayo majambo yaratangaje benshi kuko womengo Umukuru w'igihugu avuze ko ba Buramatari aribo bakomeye kumurusha. Ntivyumvikana ingene ikintu abona ko ari kibi ataca afata ingingo yo kukibuza, akarindira umuburamatari yiyemera !
🔴 Buramatari wa Kirundo yaraye ahagaritse ikinyobwa SAPORO mu ntara yiwe.
Buramatari yiyemera ntiyetevye kuboneka, yitwa Colonel de Police Victor Segasago, arongoye intara ya Kirundo.
Ejo haheze (15.7.2024), Victor Segasago yafashe ingingo ivuga iti :
"Mu ntumbero yo kwitwararika ineza y'abenegihugu, gukingira amagara yabo no gukomeza umutekano mu kibano, (...) Buramatari w'intara ya Kirundo aramenyesheje ko urudandazwa rw'inzoga yitwa SAPORO ruhagaritswe vy'imfatakibanza mu ntara ya Kirundo mu kurindira ko abahinga basuzima ingaruka ico kinyobwa gifise ku magara y'abantu."
#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Пікірлер: 8
@christainc.5217
@christainc.5217 Ай бұрын
Emwe numusi biriwe barazisomba😂😂izo zimez nka yanzoga ya 2021 yitwa beste zari mubushashi zarishabantu
@kanimary5642
@kanimary5642 Ай бұрын
Iyo nzoga yamaze urwaruka wa Muvyeyi we !
@handsome737
@handsome737 Ай бұрын
N'abantu bakuze yaramaze pe
@Jospindusabe
@Jospindusabe Ай бұрын
Aho birumvikana ko yihetse kuri ba buramatari kubera we adashobora gufata iyo ngingo bivanye nuko nyene iryo shirahamwe ari muri systeme ya cndd kukwanka ko yoba amuzimirije imbabura
@christainc.5217
@christainc.5217 Ай бұрын
Bamwe Izo baste wari Muri 2001
@kososelmbuwa5718
@kososelmbuwa5718 Ай бұрын
Abarundi tuzoguma turinyuma😂 ya vyose iyo nzoga ntakosa ifise kuko zinyobwa hose si muburundi gusa. Ahubwo boraba imyaka yabantu bakwiye kunywa inzoga, bakwiye kuba bafise imyaka ingahe
@leopoldndizeye7028
@leopoldndizeye7028 Ай бұрын
Jew natangajwe n'ukuntu umukuru w'igihugu ariwe yatanguye kubona KO ico kinyobwa ari kibi ku Magana y'abantu avant yuko BBN ibibona Kandi arico gikorwa bâti bajejwe
@ENOCKboyTv-fm5ye
@ENOCKboyTv-fm5ye Ай бұрын
None akokanyobwa kamezegt??😂😂😂
What will he say ? 😱 #smarthome #cleaning #homecleaning #gadgets
01:00
ОБЯЗАТЕЛЬНО СОВЕРШАЙТЕ ДОБРО!❤❤❤
00:45
WHO CAN RUN FASTER?
00:23
Zhong
Рет қаралды 45 МЛН
Look at two different videos 😁 @karina-kola
00:11
Andrey Grechka
Рет қаралды 15 МЛН
Imvugo ya Ndayishimiye : ico abarundi boyitahuramwo
2:19:45
Radio Publique Africaine Ijwi ry'Abanyagihugu
Рет қаралды 52 М.
What will he say ? 😱 #smarthome #cleaning #homecleaning #gadgets
01:00